๐ด Mutakura Q.7 : Abanyagihugu bariyamiriza itorwa rya Adelin Ndikumasabo !
Imyidogo ni myinshi muri quartier 7 ku Mutakura, mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura. Ubu iyo quartier yitwa Nyamwiza, mu ndinganizo nshasha. Mu matora yabaye ku wa mbere (25.8.2025), uwutwara iyo quartier kuva muri 2015, Adelin Ndikumasabo, yaronse amajwi yababa 100%, mu ma biro y'itora 13. Abanyagihugu bo bavuga ko bari bamuhagurukiye ngo bikureko intwaro yiwe y'agatotezo. Abo bahiganywe bavuga ko Adelin Ndikumasabo yakoresheje amafaranga aragura abahagarikiye amatora. Abo bahiganywe nka bose bava muri CNDD-FDD. Basaba amatohoza yimbitse ya CENI.
๐ด Adelin Ndikumasabo amaze imyaka 10 avugwa mu mabi menshi cane !
Imbere ya 2015, Adelin Ndikumasabo yari mu mugambwe MSD. Yakora akazi k'ubu commissionnaire. Ivyo vyamuhaye kumenyana n'abantu benshi ku Mutakura. Imbere gato ya 2015, Adelin Ndikumasabo yahavuye ahibdura yinjira muri CNDD-FDD. Ni gutyo yabaye imbere mu gufasha itotezwa ry'aba nyamutakura. Niwe yafatishije abatari bake mu rwaruka rwaho, barafatwa, baricwa, baranyuruzwa. Muri Ndondeza turamufise mu madosiye menshi y'abafashwe bakaburwa irengero ku Mutakura.
Impembo kwabaye kumuha kuba chef wa quartier 7. Mu myaka 10 amaze ari chef de quartier, Adelin Ndikumasabo yavuzwe mu mabi menshi cane. Kuri runo rubuga, twaratanze inkuru y'ingene atoza amafaranga abadandaza bose, akabesha ngo ni amafaranga y'iterambere rya zone canke rya komine. Bwari ububeshi, tubivuze yarabihagaritse gato. Abanyagihugu baramwidogera ko yasambuje ingo nyinshi ku Mutakura, ikinyamakuru Jimbere caramwanditseko nk'uwutagwanta abafata abana ku nguvu, ... Ntawovuga ngo aheze imyidogo imuriko.
๐ด None yatsinze amatora gute ?
Umwe mu bakurikiranye amatora yaraduhaye akarorero ati :
"Ubusuma bwabaye muri aya matora burateye isoni. Ubundi bahora bavuga ngo CNDD-FDD yivye abatavuga rumwe n'ubutegetsi. Ubu hoho aba CNDD-FDD bibanye hagati yabo kuko abakandida nka bose bari aba CNDD-FDD. Twebwe muri quartier 7 ya Mutakura, Adelin Ndikumasabo yari yaguze abakuru b'ama bureaux de vote bose uko ari 13. Ntako ntakoze ngo ngwanye ubusuma, ariko baca bitwengera, ntibatinya kubivuga icese ko Adelin ategerezwa gutsinda. Bari bamushiriyemwo amakarata baruzuza. Mu ma bureaux nka yose, Adelin yaronse 100%. Ariko naho nyene baba bayagabanije. Akarorero kamwe gusa : muri BV 9, Adelin Ndikumasabo yaronse amajwi 201. Abatoye bari 107. Baciye bamuha amajwi 107. None ayo 94 arengako yari yavuye hehe? Uko niko vyagiye biragenda mu ma bureaux yose."
๐ด Adelin Ndikumasabo avugwa ko yaguze Amatora.
Twaronse ubutumwa bwinshi cane buvuga ingene Adelin Ndikumasabo yaguze abarongoye CNDD-FDD muri zone Cibitoke, abajejwe amatora ku ma bureaux de vote yose uko yari 13 mu karere yitojemwo. Amakuru benayo yama agoye kubera ata vyemezo biheza ngo biboneke. Hari abavuga ko Adelin Ndikumasabo yagurishije parcelle yiwe ku miliyoni 180 kugira aronke amafaranga yo kugura amatora. Haravugwa imwe mu ndongozi za CNDD-FDD muri zone Cibitoke yahawe inka irayanka, imwishura ko abanyagihugu aribo bazoca urubanza. Haravugwa iyindi ndongozi yoba yahawe imiliyoni 10. Haravugwa ko umukuru wa bureau de vote wese yoba yahawe 250.000 Fbu. Haravugwa ko n'abandi bose bagize BV bahabwa amahera, hoba harimwo abayanse bagaterwa ubwoba.
Umuntu asigara yibaza ico Adelin Ndikumasabo akura mu bu chef bwa quartier ku buryo yotanga amafaranga angana uko kwose. Yamara siwe wenyene yabikoze. Ni henshi abitoza bakoresheje amafaranga menshi, kugeza aho na Reveriyano Ndikuriyo yabivuzeko mu kiganiro yatanze ku wagatandatu. Benshi biteze kuyagaruzamu biturire, mu mafaranga adasigurirse batangisha abanyagihugu no mu kugurisha ama parcelles.
Ibintu vyabaye ku Mutakura Q.7 birakwiye amatohoza yimbitse ya CENI, nimba urwo rwego hari icizere na gikeyi rusigaranye. Nta n'umwe yotahura ingene umutware mubi atorwa 100%, na canecane iyo yiyamirizwa n'abo atwara. Aya makuru y'ubusuma ntagoye gutohoza habayeho ugushaka kurondera ukuri.